« RAJEDES » RASSEMBLEMENT DES JEUNES POUR LE DEVELOPPEMENT ET SOCIO-ECONOMIQUES AU BURUNDI

Haziko Imuhira igice ca 6: Ukubandwa


Umusi wa gatanu ku cicaro gikuru c'Ishirahamwe Rajedes italiki 20/10/2023, haranzwe na Haziko Imuhira igice ca 6, icivugo "Ukwemera Imana Kwaba Sokuru "

"Twakuze twumva ko, aho hambere hahise, Abarundi bambaza Imana babicishije mu mugirwa wo “kubandwa”. Ariko icibonekeza, ni uko hari vyinshi tutazi kuri uwo mugirwa, canke ivyo tuzi ukutari ko, kuko umwe canke uwundi abivuga uko yavyumvise, canke avyibaza. Umuco ku co ari co kubandwa, ababirekurirwa, n’ingene vyakorwa"

“Kubandwa, ni irivuga rigobotowe mu rivuga kubanda. Kubanda ni nka kurya abantu bagundana cane iyo ari benshi. Baca bavuga ngo barabandana. Uwubandwa rero bavuga ko abandwa na Kiranga. Ngo Kiranga aba amuhagazeko. Ni ukuvuga ko Kiranga abanda umutima w’uno muntu. Ni co gituma uwubandwa bamwita, imbandwa, imandwa.” Iyo ni indangurakintu itangwa n’umutohoji Patiri Adiriyano Ntabona.

Avuga ko uwuriko arabandirwa, yumva mu mutima ko hari ububasha bumujemwo burengeye abantu, buva ku Mana. Ico abantu birengagiza, ni uko Abarundi bamye bemera Imana. Patiri akagira ati : “Imbere y’uko haza amadini y’ibitabo, twaremera Imana. Irya nyene twahavuye tumenyera mu gitabo Bibiriya.”

Urubanza rwo kubandwa rwaba rufise ico rwerekeye, uwatumyeko imbandwa, yabanza kumenyesha ico ashaka ko babandirwa. Uwabahuza n’Imana nawe akaba yari Kiranga

Igisomwa cose mwogisanga aha:
https://www.yaga-burundi.com/2020/kubandwa-ibintu-twomenya/ 


 

Publié le 2024-01-06 A 02:31:49

RAJEDES,Copyright © 2023. All rights reserved. Designed by New High Technology (NHT)